Icigwa ca 2 co kuwa - PowerPoint Presentation

Icigwa  ca  2   co   kuwa
Icigwa  ca  2   co   kuwa

Icigwa ca 2 co kuwa - Description


9 Nzero 2021 IKIBAZO C UBURONGOZI Mu mwaka Umwami Uziya yatanzemwo nabonye Umwami Imana avyagiye ku ntebe yubgami ndende ashizwe hejuru impuzu yiwe yigisaga yuzuye urusengero ID: 830400 Download

Tags

imana yesaya ciwe kandi yesaya imana kandi ciwe uziya maze yari igikorwa umwami

Embed / Share - Icigwa ca 2 co kuwa


Presentation on theme: "Icigwa ca 2 co kuwa"— Presentation transcript


Slide1

Icigwa

ca

2

co kuwa 9 Nzero 2021

IKIBAZO

C’

UBURONGOZI

Slide2

“Mu mwaka Umwami Uziya yatanzemwo, nabonye Umwami Imana avyagiye ku ntebe y'ubgami ndende, ashizwe hejuru, impuzu yiwe y'igisaga yuzuye urusengero.”

Yesaya

6:1

Slide3

Umwami Uziya “yakoze ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza.” (2Ngom. 26:4). Ariko rero, “

yishize hejuru mu mutima wiwe kugeza arimbutse” (2Ngom. 26:16), vyabaye ngombwa kw’asangira ingoma n’umuhungu wiwe Yotamu mu kiringo ciwe ca nyuma.Yesaya yahamagawe nk’umuvugishwa ngw’atunge agatoki ku vyaha vya Isirayeli hagati mur’ako kaga. Igihe Uziya apfiriye, Imana yaciye ihitamwo kuvugurura umuhamagaro w’ubuvugishwa bwa Yesaya biciye mw’iyerekwa ryaranze intambwe nshasha mu gikorwa ciwe c’ubuhanuzi.

Icerekezo c’iyerekwa

Ukwera kw’Imana. Yesaya 6:1-4Uguhindurwa

kwa

Yesaya

.

Yesaya 6:5-7Guhabwa inshingano. Yesaya 6:8Ubutumwa. Yesaya 6:9-13

Slide4

ICEREKEZO C’IYEREKWA

“Nukw ibindi vyose vyadonzwe kuri Uziya, uhereye ku ca mbere ugashitsa ku c'imperera, vyanditswe n'uwavugishwa n'Imana Yesaya mwene Amosi.

” (2 Ngoma

26:22)Yesaya yari umwe mu bagize umuryango wa cami, gutyo rero yar’afitanye imishikirano na Uziya.Uziya yari umusuku yizigirwa w’Imana. Yari yarahawe impano zihambaye. Yar’azi gutunganya neza ibintu, akaba umwubatsi n’umurimyi. (2Ngom. 26:5-7, 9-10, 15).

Ariko rero

,

yagomvye kuba hejuru y’ico Imana yari yamugize co. Yashatse gukora ibikorwa vy’ubuherezi, maze Imana imuhanisha imibembe

(2

Ngom

. 26:16, 19, 21).

Abantu bose basigaye baciye basa n’aho bafashwe n’

“imibembe” yo mu bwonko. Bari bakeneye Yesaya ngw’abayoborere ku Mwami umwe wenyene yera, atyoroye, adapfa kandi abereye.

Slide5

UKWERA KW’IMANA

Babarirana basemerera, bat' Uwera, Uwera, Uwera, ni we Uhoraho Nyen' ingabo: isi yose yuzuye icubahiro ciwe.

” (Yesaya 6:3)

Uziya yashatse kwitangira imbere Imana, maze akomeretswa n’ubweranda bwayo. Imana yitangiye imbere Yesaya, maze ahindurwa b’ubweranda bwayo.

Imana yari yicaye ku ntebe y’ubwami iri ahirengeye kandi ikayangana; uguseruka kwayo kwari gukwiye hose

.

Inzugi zarahinze umushitsi kandi urusengero rwuzuramwo umwotsi. Hari n’ibiremwa bikayangana (umuserafi

bisigura “uwakaka nk’urubeya”) vyari bimukikije bimushemagiza kandi bigatazira ukwera kwiwe.

Ubutumwa bwari mur’iryo yerekwa buratomoye

, Imana ni Iyera kandi isaba ukwera

(Lew

. 11:45; 19:2; 20:26; 1Pet. 1:16).

Ukwizera kwa Yesaya kwarakomejwe co kimwe n’ukwa Ezekiyeli, ukwa Daniyeli n’ukwa Yohana. (Ez

ek

. 1; D

a

n. 10;

Ivyah

. 1).

Slide6

“Mbega n’ubuhe bushobozi bw’isi bwari guhagurutswa kurwanya Yuda?

Kandi mbega Yesaya yategerezwa guhangana n’abamurwanya hamwe n’inzitizi mu gikorwa ciwe? Yari yarabonye Umwami, Umugabisha w’ingabo; yari yarumvise indirimbo y’abaserafi, ‘Isi yose yuzuye icubahiro ciwe;’ kandi uwo muvugishwa yarashavujwe n’igikorwa cari kimurindiriye. Kwibuka iryo yerekwa kwaramuherekeje mu kiringo c’ico gikorwa kinini kandi kigoye.”

E.G.W. (Ibishingira intahe ishengero, vol.5, igice ca 91, p. 751)

Slide7

UGUHINDURWA KWA YESAYA

arinkoza ku munwa, arambarira, at' Ehe, iri rikoze ku minwa yawe; ukugabitanya kwawe ugukuweko, icaha cawe kirahongewe.

” (Yesaya 6:7)

Umwotsi wuzura Ahera cane kuri buri munsi w’impongano, ku buryo umuherezi yahishwa ubwiza bw’Imana

.

Iyerekwa ryari rimeze nk’uko nyene, gutyo rero Yesaya yiyumvisemwo gutsindwa… no kwokerwa n’intahe

!

Ikara ryaka ryakuwe ku gicaniro c’inzahabu aho imibavu yaturirirwa mu guhongera. Ibi bigereranya ubuvugizi/ubuhuza bwa Yesu. Ni We Wenyene ashobora guharira ivyaha vyacu kandi akaduhindura.Uziya yshatse ubwiwe guhereza imibavu, maze ahanirwa ico caha ciwe. Igihe Yesaya yakozwako ikara ryaka,

Imana yamuhinduye imibavu maze icaha ciwe kirababarirwa.

Slide8

UGUHABWA INSHINGANO

“Numva ijwi ry'Umwami Imana rivuga, riti Ndatuma nde, ni nde yotugira? Maze ndavuga, nti Ndi hano, ba ari jewe utuma

.”

(Yesaya 6:8)Inyuma yo kwongerwa intege n’imbabazi z’Imana, Yesaya yiyemeje kurangura igikorwa cose Imana yomuhamagarira kurangura.

Inyuma ya vyose

,

tuzoronka uguhumurizwa n’inkomezi mw’ihema ryo mw’ijuru bizodufasha guhangana n’imibabaro no kwitaho inshingano yacu

(

Zaburi

73:17; Ivyahishuwe 5:4-6).

Paulo aradutera umwete wo kuza ata bwoba mw’ihema imbere y’intebe y’ubwami y’Imana. Aho tuzoharonkera ubuntu kuko Yesu arikw’aradusabira (Heb.

4:14-16).

Slide9

UBUTUMWA

“Wame ukomantaza umutima w'ubgo bgoko, uhindure amatwi yabo bihurugutwi, uhume amaso yabo; kugira ngo ntibarabishe amaso, ntibumvishe amatwi, ntibatahurishe imitima, ngo bahindukire bakire

.” (

Yesaya 6:10)Imana igomba ko buri wese yihana maze agakizwa (Yoh. 3:16; 2P. 3:9). Yama na ntaryo irungika ubutumwa bw’imburi iciye ku ntumwa zayo (kandi buri mwizera wese ashobora kuba intumwa).

Hari ubwoko bubiri bw’inyishu kur’ubwo butumwa

:

kwemera canke kwanka

.

Uko dukomeza kwanka ubwo butumwa, niko imitima yacu ikomantara nka Farawo. Amatwi yacu n’amaso bikomeza kuziba nk’uko twanka kwumviriza.Abo bose bemera ubutumwa bitwa “uruvyaro rwera ” (Yesaya 6:13).

Slide10

“Kur’uwo wese yahindutse uwusangira ku buntu bwiwe, Umwami amugenera igikorwa co ku bandi. Ku giti c’umw’umwe, dutegerezwa guhagarara mu kibanza cacu no mw’ihamagarwa ryacu, tukavuga, ‘

Ndi hano Mwami, ntuma’ Yesaya 6:8. Hejuru y’igikorwa c’ubugabura, umuforoma w’umuvugabutumwa, umuganga w’umukristo, umukristo ku giti ciwe, yaba umucuruzi canke umwirimizi, yaba uwize canke uwikorera utwiwe—inshingano ibaraba bose. Ni igikorwa cacu guhishurira abantu ubutumwa bwiza bw’agakiza kabo. Buri mugambi wose twiyemeza kurangura utegerezwa kuba uburyo bwo gushika kur’iyi ntumbero

.”

E.G.W. (Igikorwa co gukiza, igice 9, p. 148)

Shom More....
violet
By: violet
Views: 4
Type: Public

Download Section

Please download the presentation from below link :


Download - The PPT/PDF document "Icigwa ca 2 co kuwa" is the property of its rightful owner. Permission is granted to download and print the materials on this web site for personal, non-commercial use only, and to display it on your personal computer provided you do not modify the materials and that you retain all copyright notices contained in the materials. By downloading content from our website, you accept the terms of this agreement.

Try DocSlides online tool for compressing your PDF Files Try Now